Umuhungu wa Perezida Yoweli Kaguta Museveni, akaba n’Umugaba Mukuru w’Ingabo za Uganda, UPDF yatanagje ko ashaka guca umutwe Bobi Wine, umunyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Se.
Mu butumwa yanditse ku mugoroba w’ejo ku cyumweru ku rubuga X rwahoze ari Twitter, Kainerugaba yavuze ko Se uyoboye Uganda kuva mu 1986 ariwe muntu wenyine, akingiye Bobi Wine kugira ngo ntamuce umutwe.
Kainerugaba akunze kwandika amajambo ateza impaka ku mbuga nkoranyambaga, harimo ibyo yigeze kwandika mu 2022, aho yavuze ko yatera igihugu gituranyi cya Kenya, ibintu byarakaje cyane abanyakenya bamusaba kwisubiraho.
Hari haciye iminsi itari mike Gen. Kainerugaba adaherutse kwandika bene ayo amagambo ibihugu bimwe bimwe bifata ko ari agasomborotso n’uguca kubiri n’imigenderanire myiza.